Uburundi Burashigikiye Misri Mu Mpari Z’Uruzi Nili N’ibihugu Bibanyi.

0

Mu rugendo arimwo umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Misri, mu Burundi, Sameh Shoukry, yarabonanye ejo ku musi wa kabiri n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi kugira baganire ku bijanye n’imigenderanire n’Uburundi na Misri.

Ku bijanye n’impari ziri hagati ya Misri , Ethiopia na Sudani ku bijanye n’Urugomero( Ethiopian Grand Renaissance Dam (GERD)) Etiyopiya iriko yubaka mu ruzi Nili,Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, Pascal Nyabenda, yarahumurije uyo mushitsi ko Uburundi ‘bufashe mu mugongo igihugu ca Misri muri izo mpari, ko butahura inkenero z’amazi za Misri’.

Urugomero ruriko rwubakwa na Etiyopiya ku ruzi Nili ruratumye haba impari hagati y’ibihugu bitatu. Misri ikavuga ko nyabuna urwo rugomero rushobora gutuma ico gihugu kitaronka amazi akwiye ya Nili na rirya urwo ruzi ruri mu bigize iterambere rya Misri.

Urwo rugendo rwa Sameh Shoukry rukaba rugamije guhuza ibihugu vyose bisangiye Uruzi Nili harimwo n’Uburundi ruvamwo isoko ryarwo kigira harabwe umuti urama kugira ngo impari ziri hagati y’ibihugu bitatu bisa n’ibishamiranye ntizihave zituma ivyo bihugu bitana mu mitwe, nk’uko abahinga bavyrerekana.

Ivyo bihugu arivyo etiyopiya, Misri na Sudani bikaba biriko bikora ibiganiro ku mpande zitatu kugira ico kibazo bagitorere umuti nyawo hatabanje kubaho ivyo gutana mu mitwe.