Barankitse Maggy Arabandanya Yitaho Abana b’impunzi.

0
Maggy Barankitse(@Reuters)

Umupfasoni Maggy Barankitse yahora afasha abana b’impfuvyi mu ntara ya Ruyigi guhera mu mwaka wa 2005 gushika 2015, n’ubu arabandanya arangura ico gikorwa co kwitaho abana babaye impfuvyi kubera impamvu izi na ziriya haba intambara canke izindi mpavu.

Ubu uyo mupfasoni Maggy Barankitse, asanzwe atarabwa ryiza na leta y’i Bujumbura, arakora uko ashobye gose mu kwitaho abana b’impfumvyi bari mu nkambi ya Mahama mu Rwanda. Bamwe muri abo bana bari muri iyo kambi bakaba bahora baba mu nyubakwa ya Maison Shalom mu ntara ya Ruyigi yari yashinzwe n’uyo mukenyezi.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru Reuters, Maggy Barankitse yamenyesheje ati: “Birambabaza kubona abana bari mu mirere nk’iyi….bamwe mu bana nahora nitaho basigaye mu Burundi barishwe…”.

Ikambi y’impunzi ya Mahama mu Rwanda ikaba yakiriye impunzi z’Abarundi barenga 60 000 kuva mu ntureka zatanguye mu mwaka wa 2015 habaye imyiyerekano yo kwiyamiriza gusubira gutwara kwa Petero Nkurunziza.