Umuntu Akomoka mu Rwanda yahawe amasaha 48 abe ‘yavuye mu Burundi’.

0

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu mw’itangazpo bashize ahabona uyu musi wa gatatu, bwamenyesheje ko umuntu yitwa NKOMEZA Christine akomoka mu gihugu c’Urwanda “adakenewe ku butaka bw’Uburundi”.

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kandi bukaba bwamuhaye amasaha 48 kugira abe yavuye mu Burundi, akaba yikekwako ‘ibikorwa biteye amakenga’.

Uyo yirukanwe mu Burundi akaba yemerewe gusohoka Uburundi maze agatera aja mu gihugu yiyumvamwo. Akaba yariko akora ibikorwa vyo gusenga “vyo mu kinyegero”, navyo bikaba bikaba bidahuye n’ingingo ya 26 igenga abanyamahanga bagerera mu Burundi, nk’uko ubwo bushikiranganji bubimenyesha.

Aba buramatari b’intara n’abakorera ku mipaka bakaba basabwe ko iri tegeko rishirwa mu ngiro kuva risinywe.

Ivyo bibaye inyuma y’aho Urwanda ruhagarikiye umupolisi w’Uburundi hama arekurwa igipolisi c’Uburundi kivuga ko ‘yakubaguwe’. None ubwo ibihugu kera vyahoze bisa nibivukana vyoba biri mu ngendo yo gusubirizanya mu ndumane? Niko bamwe bamwe bibaza.