Uburongozi bwa komine Mugamba bwahindutse kuva kuri uwu wa mbere, Anicet Niyonzima yahora ari Musitanteri wiyo komine Mugamba intara ya Bururi akaba yarahagaritswe muri ayo mabanga mu kiringo c’amezi atatu.
Amakuru dukura aho mu ntara ya Bururi kandi yemezwa n’inzego zibijejwe avuga ko umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu Pascal BARANDAGIYE ariwe yafashe iyo ngingo kuri uwu wa mbere, y’uguhagarika uwo Musitanteri mu kiringo c’amezi atatu kuva kuri uwu wa mbere.
Uwo Musitanteri akaba yagirizwa ubusuma bw’amafaranga y’amatagisi y’ishirahamwe OTB rihingura icayi mu Burundi, amatagisi iryo shirahamwe ryahora ritanga mu kigega ca komine Mugamba.





Recent Comments