Ruziba : Abantu bakomerekejwe bikomeye na Gerenade

0

Abantu bane nibo bamaze kumenyekana ko bakomeretse bikomeye mu gitero ca Gerenade cakozwe muri zone Ruziba, mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere.

Iyo gerenade yatewe n’abantu bataramenyekana ku rugo rw’uwitwa Joseph SHONGONGO, uwo nyene urugo akaba yarakomeretse bikomeye hamwe n’umugore wiwe, n’abana biwe babiri.

Mu giporisi bavuga ko abateye iyo Gerenade baciye bahunga imbere y’uko abajejwe umutekano bashika muri ico kibanza, amatohoza akaba abandanya.