Trump Yahaye Imisi 60 Igihugu C’Urwanda Kibe Cisubiyeko.

0

Leta zunze Ubumwe za Amerika ziriteguriye guhagarika ibijanye no guhanahana ibidandazwa n’igihugu c’Urwanda kubera ingingo igihugu c’Urwanda giheruka gufata yo kwanka ko impuzu zakoze zinjira mu Rwanda zivuye muri Leta Zunze Ubumwe Za Amerika.

M’ikete Donald Trump yandikiye Inama Nkuru y’igihugu, yamenyesheje ko ‘iyo impagararo y’Urwanda iza ihonyanga ingingo ngenderwako za AGOA'( african Growth and Opportunity Act), kandi akaba yamenyesheje ko Amerika ihaye ‘imisi 60 Urwanda rube rwafuse iyo ngingo ahandi ho nta mpuzu zizova mu Rwanda zizosubira kwinjira muri Amerika’.

Muri AGOA, ibihugu biba munsi ya Sahara biraronka akaryo ko kwinjiza ibidandazwa muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ata matagisi birinze gutanga, ariko navyo ivyo bihugu bigasabwa kudashiraho inzitizi ku rudandazwa rwa USA muri ivyo bihugu.

Ivyo bishitse mu gihe ibihugu vya Africa y’Ubuseruko biriko birakora uko bishoboye kwose kugira ngo mu myaka iri imbere hahagarikwe ivyo kwinjiza muri ivyo bihugu harimwo n’Uburundi impuzu zakoze, izo benshi bakunze kwita “occasions”.

Ariko rero, biragaragara ko Amerika ibona ko ingingo nk’iyo igira ingaruka mbi ku mahinguriro yayo, arinaco gituma iyigwanya yivuye inyuma.