N’ubu Leta y’Uburundi Na HCR Ntibumvikana Ku Gitigiri C’Impunzi.

0

Mu nama nyabutatu yahuje Leta ya Tanzania, Leta y’Uburundi n’ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi HCR, hagiye ahabona ibitigiri nyavyo HCR ifise vy’impunzi z’Abarundi, ariko rero Reta y’Uburundi ntiyemera ibitigiri bitangwa na HCR vy’impunzi ziri muri Tanzaniya.

Muri iyo nama nyabutatu,ibitigiri vyagiye ahabona vy’impunzi z’Abarundi bari mu makambi y’impunzi yo muri Tanzania ni ibi bikurikira muri iri tangazo ryavuye muri iyo nama:” Leta yunze Ubumwe ya Tanzania ubu ifise impunzi zishika 316 899, muri bo 274 455 bakaba ari impunzi z’Abarundi, muri izo mpunzi z’Abarundi hakaba harimwo 229 781 bahunze Uburundi guhera muri Ndamukiza 2015“.

Uwaserukiye Leta y’Uburundi muri iyo nama, Pascal Barandagiye, wewe akabona ko ivyo bitigiri ‘atarivyo kubera ko Abarundi bahitamwo gutahuka batarinze guca muri HCR baguma baharurwa’. Leta y’Uburundi yoyo ikamenyesha ko Abarundi hene abo bahunguka badaciye muri HCR ari benshi cane ku buryo ibona ko igitigiri c’impunzi ziri muri Tanzaniya ari gito cane ugereranije n’igitangwa na HCR’.

Inyuma y’impari nyinshi zahabaye zo kutumvikana ku gitigiri c’impunzi ziri muri Tanzaniya, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yasavye ko ‘hakorwa rusansuma haharurwe umuntu ku yundi kugira igitiri c’ukuri c’impunzi ziri murayo makambi gihurizweko na bose’.