#ToleranceZero y’ukuri: Gufungwa imyaka 5 kubera kwakira igiturire ca 400 000 FBU

0

Mu bihweza uko intwaro ya Ndayishimiye-Bunyoni-Ndakugarika iriko ikora, barabona ko umugambi nyawo wo kurwanya igiturire(Tolérance Zéro) y’ukuri wagiye washika.

Ejo hari urubanza rwaciriwe umushikirizamanza w’intara ya Bubanza gufungwa imyaka 5 kubera kwakira igiturire ca 400 000 FBU.

Kuri bamqwe bavuga ko ako ari akarenganyo gufungwa ikiringo nk’ico cose ariko abandi bakavuga ko haje gutangwa akarorero keza nyabuna.

Nk’uko imwe mu radiyo asamiranira i Bujumbura abivuga, umunyororo w’imyaka 5 n’amande y’amafranga ibihumbi amajana 500 y’amarundi nico gihano umushikirizamanza aserukira leta yasabiye icariho c’umushikirizamanza wa republika mu ntara ya Bubanza

Uwagirizwa kwakira ico giturire akaba yarahakanye ivyo yagirizwa naho reta ivuga kp yamufatanye itonga.

Urubanza rwaciye rushirwa mu mwiherero rukazosomwa itariki 17 Myandagaro 2020.

Abanyagihugu bayaze na UBM News bavuga ko iyo ngingo ya reta ya Ndayishimiye ari iyo kwereka ko abakozi ba reta bose boba bafise agatima ko gushaka kunyuruza amatungo y’igihugu bashobora gufungwa maze babireke.

Ubu gushika ubu, nk’uko abakozi bamwe bamwe bakora mu buzi butandukanye bwa leta usanga bafise ubwoba kubera bibaza ko bazohava birukanwa kubera mbere n’ibikorwa bitoyi nko gucererwa ku kazi canke gusiba.

Mwe mubona gute uwo mugambi wa reta wo kurwanya igiturire ata kigongwe?