Albert Nshingiro asaba amakungu gukurako ibihano yafatiye Uburundi

0

Ivyo akaba yabivugiye mu nama yakoresheje n’abaserukira ibihugu vyabo kur’uyu wa kabiri i Bujumbura. Albert Nshingiro, umushikiranganji w’imigenderanire no gufashanya mw’iterambere, akavuga ko Uburundi buri mu mahoro kandi amatora yagenze neza abarundi bari ku kivi. Agasaba abo baserukira ibihugu vyabo m’Uburundi kuba ivyabona vyibiba m’Uburundi. Leta Mvyeyi ikaba yarasavye abahunze igihugu gutahuka kubaka igihugu cabo.

Ariko abahunze igihugu babanyepolitique babona ko ivyo bahunze bikihari ari ubwicanyi no gutwaza umukazo ko bikihari. Ivyo bivugwa na Charles Nditije avuga kwarongoye umugambwe Uprona mubuhungiro. Ivyo biruko mu gihe mu nkambi y’impunzi z’abarundi habonetse urutonde rw’’abashaka guhunguka, ariko benshi bakaba bafise ubwoba bwabari muriyo nkambi badashaka guhunguka.