Ibomborabombora mu nkambi y’impunzi z’Abarundi mu Rwanda

0

Impunzi z’Abarundi zirenga 20 zoba zafashwe n’igipolisi c’Urwanda kubera zagirizwa guhimiriza izindi mpunzi ziri mu nkambi y’impunzi z’Abarundi iri mu Rwanda ariyo mahama ngo batahuke mu Burundi.

Amakuru ashirwa ahabona na VOA ataremezwa amanyesha ko abo bafashwe bagirizwa gukorana na reta y’i Gitega kandi ko ari Imbonerakure.

VOA ishira ahabona ko abasirikare b’Urwanda abambaye impuzu z’igisoda n’ibikoho biremereye baguma bibonekeza cane hafi y’inkambi ya Mahama maze ivyo navyo bikabatera ubwoba.

izo mpunzi zivuga ko abo bose batotezwa ari abikekwa ko boba bakorana na reta y’Uburundi hamwe n’Imbonerakure za CNDD-FDD.

Mu misi iheze mike cane, hari urwandiko rwakwiragiye ku mbuga ngurukana bumenyi ruvuga ko impunzi zandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi ko zotahuka ku bushake bwazo.

Abarundi bari muri iyo kambi barenga amajana atatu nibo bateye umukono kuri ico candiko.

Reta kandi y’Urwanda irahakana ko itariko itoteza izo mpunzi z’Abarundi ziri mu nkambi ya Mahama mu Rwanda.

Ubwo ikibazo c’iyo kambi ya Mahama ntikizohava conona umugambi mwiza wari uhari hagati ya Kagame na Ndayishimiye wo kubana neza?