Sudan: Omar El Bachir agiye gushikanwa muri Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu

0

Igihugu ca Sudani cahavuye cemera ko uwahoze ari umukuru w’igihugu waco yatwaye igihe kirikekire ico gihugu, ariwe Omar El  Bachir, ashikanwa imbere ya ya Sentare Mpuzamakungu Mpanavyaha CPI.

Bachir akaba yakuwe ku butegetsi n’igisirikare ca Sudani mu mwaka uheze inyuma y’imyerekano yamaze igihe kinini muri ico gihugu bivuye ku bukene butagira izina abanyagihugu bari barimwo.

Inyuma yo gukurwa ku buteshgstsi, ubutegetsi bushasha bwa Sudani bwari bwaranse ko Omar El Bachir ashikirizwa CPI ariko bwagondojwe kugira uwo mutegetsi aburanishwe ku vyaha yagirizwa harimwo gutuma abantu bashika ku 300 000 bicwa mu ntureka zabaye mu mwaka wa 2003.

Abategetsi bakaba bamenyesha ko abo bose bafadikanije na Bachir babwirizwa kurengutswa co kimwe nabandi.

Umuvugizi wa leta ya Sudani yabwiye itangazamakuru ko leta yakoze ibikenewe.

“Twakoze ivyo abanyagihugu ba Sudani basavye”, niko uwo muvugizi wa leta ya Sudani yamenyesheje.

Biramenyerewe ko abategsi batari bake ba Afrika bigumiza ku butegetsi baheza nabi maze bamwe bamwe bakaruhira kurengutswa imbere yiyo Sentare Mpanavyaha nka Jean Pierre Bemba wa RDC na Laurent Gbagbo wa Cote d’Ivoire.