Abachinois 1016 baramaze guhitanwa n’ikiza coronavirus

0

Abamaze gufatwa nabo niyo ngwara yandukira mumuyaga bashika 42 000 mu gihugu c’Ubuchinois. Intara ya Hubei akaba arico kibangamiwe cane, abajejwe amagara y’abantu mur’ako karere bakaba babogojwe bivuye ku benegihugu.

Abantu bashika 108 baramaze gupfa mu musi umwe. Ishirahamwe mpuzamakungu OMS ikaba imaze kurungika abahinga m’ubuchinois, bakaba batinya ko iyo ngwara ikwira isi yose. Iyo virus ya coronavirus ikaba imaze kwica abantu babiri mu gihugu ca Philippines no muri Hong Kong, hamwe n’abantu 400 bamaze gufatwa kw’isi yose.

Indege nyinshi zikaba zarahagaritse ingendo yazo mu gihugu ca Chine harimwo n’Uburundi igihugu c’Ubuchinois cabujije abarundi gusubira kuja m’Ubuchinois gushika umuti utowe.