Abategetsi bo mu ntara ya Sud Kivu mu gihugu kibanyi n’Uburundi, Congo, bamenyesheje ko abasirikare bava mu gihugu c’Uburundi hamwe no mu Rwanda babandanya bisukira mu ntara ya Sud Kivu.
Mu nkuru dukesha Radiyo y’Abafaransa, RFI, abo basirikare bava mu bihugu bibiri bariko bisukira mu misozi ihanmiye igisagara ca Uvira mu buseruko bwa Kongo kandi mu burengero bwa Zone Gatumba mu ntara ya Bujumbura.

Ku makuru RFI ishira ahabona, abo bantu b’abasirikare bariko bisukira muri Uvira akaba ari abasirikare b’Uburundi, aba demobilisé hamwe n’imbonerakure bari kumwe n’abarwanyi ba FDLR barwanya intwaro ya Paul Kagame mu Rwanda.
Intumbero yabo basirikare b’Uburundi n’imbonerakure nk’uko RFI ibivuga akaba ari ‘ugufata abasirikare b’abarwanyi bo mu murwi wa Red Tabara barwanira mu micungararo ya Uvira’.
Ku bwa RFI kandi, abo basirikra bakaba bashaka guhwamika abarwanyi ba RED Tabara kugira ngo ‘ntibazotobe amatora yimirije kuba mu misi mikeya cane mu gihugu c’Uburundi.
Bikavugwa kandi ko umuhari wa Red Tabara ushigikiwe n’intwaro ya Kigali mu ntumbgero yo guhungabanya inzego z’Uburundi ivyo leta ya Paul Kagame yamirira kure.





Recent Comments