Mw’itangazo umugambwe ADR-Imvugakuri urongowe na Alice Nzomukunda, yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu imbere yuko atanga imihoho mu mwaka w’i 2005 munyuma yinjira murunani CNARED, wamenyesheje ko uzoshigikira umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD n’umukandida wawo Evariste Ndayishimiye.

Eka Alice nzomukunda ntiyagarukirije aho yavuze ko azonashigikira intonde z’abashingamateka n’abakenguzamateka b’umugambwe CNDD-FDD murayo matora nyene azoba itariki 20 Rusama 2020. Umukandida w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, akaba amaze kuronka imigambwe mito mito imushigikira harimwo kandi nabamwe mubanywanyi b’umugambwe UPRONA barongowe na Isidore Mbayahaga.
Abantu rero benshi baribaza ko iyo migambwe yoba ifise abanywanyi canke amafaranga yo kwiyamamaza kuburyo ica ihitamwo kwegamira imwe mu migambwe ikomeye m’Uburundi. Urunani Kira-Burundi narwo nirwo rumaze kuronka imigambwe ija hamwe ariko imigambwe FRODEBU, UPRONA na CNL iboneka kurubuga no mu nzego ikaba itararonka imigambwe iyishigikira ariko imwe muriyo ikaba iboneka ko ishobora guhindura ibintu mu matora.






Recent Comments