Ikigo Mpuzamakungu c’Ibinyamakuru(IPI) gisaba umukuru w’igihugu c’Uburundi kwubahiriza ubwigenge mu kumenyesha amakuru

0

Ikigo Mpuzamakungu c’Ibinyamakuru(International Press Institute, IPI) gisaba umukuru w’igihugu c’Uburundi kwubahiriza ubwigenge mu kumenyesha amakuru.

Ikigo IPI gisaba Evariste Ndayishimiye gusubira kugarukana ubwigenge mu kumenyesha amakuru bwatakaye kuva mu mwaka wa 2015 hamwe no kurekura abanyamakuru bane ba Iwacu bafunzwe.

Mw’ikete umukuru wa IPI, Ravi R. Prasad, yandikiye umukuru w’igihugu c’Uburundi, harimwo no gusaba ko hosubira gutangwa impusha ku binyamakuru vya BBC na VOA gusubira gukorera ku butaka bw’Uburundi.

“Ubu haraciye imyaka amashirahjamwe y’ibinyamakuru yaranumijwe cane hamwe no kutorohereza abanyamakuru bakebura canke banebagura uko leta iriko ikora”, niko Ravi R. Prasad  yavuze muri urwo rwandiko rwagiye ahabona.

Ibijanye n’ubwigenge mu kumenyesha amakuru ni kimwe muvyo Abarundi bariko baraba ko Evariste Ndayishimiye azokwitwararika gukora.