Ishusho yerekana urutonde rw’ivyigwas bizobera mu ntara ya Karusi ku banyeshure bamaze amashure yisumbuye na kaminuza ariko badafise akazi iriko ikwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi.
Abamaze kubona iyo foto iriko urutonde rw’ivyigwa bariko baribaza nimba vy’ukuri ivyavuzwe na Moise Nkurunziza bizohava biba vyo naho yabeshujwe na mugenziwe bakorana.
Moise Nkurunziza akaba yavuze ko muri rusansuma iheruka kuba izotuma abanyeshure bamwe bamwe badafise akazi bazoca bajanwa kwiga ivyigwa vyo kwiteza imbere bo ubwabo mu ntara ya Karusi.
Bidatevye, mugenziwe Petero Nkurikiye yaciye avuga ko ivyo vyatahuwe nabi ahubwo ko reta igiye kuzotanga uburyo mu makoperative kugira ngo abo bashomeri bashobore kuronka ico bakora ariko bamwe bakaba barazaxzaniwe kubera izo mvugo zibiri zidasa.

Kuri urwo rutonde rw’ivyigwa rwashizwe ahabona harabonekamwo ivyigwa na cane cane vyo kwibako mu buzima nko kworora, kurima no kudandaza.
Mwe mubona ko urwo rutonde rwashizwe ahabona rushobopra kuba ari rwo naho habonekamwo amakosa ku barwanditse? Nko kwandika commerce ambulant hama bakandika commere en bilant?





Recent Comments