Abagabo babiri bakora hamwe muri reta mvyeyi ‘batavuga kumwe’

0

Bivuye ku majambo yashikirijwe n’icegera c’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Moise Nkurunziza, ku bijanye na rusansuma iheruka kuba ku bashomeri, hibonekeje imvugo itandukanye n’iyiwe iva muri ubwo bushikiranganji nyene.

Moise Nkurunziza akaba yamenyesheje ko abashomeri bose banditswe mw’isekekeza riheruka bazoca bajanwa kwiga ‘uko bokwibweshaho mu ntara ya Karusi’.

Ariko bimaze kuboneka ko iyo nkuru iriko ikwiragira cane ku mbuga ngurukana bumenyi, umuvugizi w’igipolisi, Pierre Nkurikiye, yaciye yihutira kubeshuza ivyo yise ngo ni ‘amakuru atariyo, yashikirijwe na mugenziwe Moise Nkurunziza.

Pierre Nkurikiye akaba amenyesha ko rusansuma iherutse kuba itagamije gutwara abashomeri mu ntara ya Karusi mu bindi vyigwa.

Petero Nkurikiye akaba avuga ko nyabuna urwo ‘rusansuma rw’abashomeri rugamije gushira abo bashomeri mu makoperative hama bakore imigambi izoshigikirwa na reta mu buryo bw’amahera’.

Ariko rero bamwe bamwe barafise amakenga kuri uwo mugambi ko udashobora gushikira bose kubera aka mwana wa mama hamwe no kuburyo buke reta ifise.

Mwe mwakiriye gute imvugo zibiri zitandukanye ziva muri reta nkozi na reta mvyeyi?