Gervais Rufyikiri avuga ko hari abari muri reta ‘bapfukamye igihugu mu nda’

0

Mu kiganiro Gervais Rufyikiri yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yahaye Ikinyamakuru Iwacu avuga ko hari abanywanyi ba CNDD-FDD(umugambwe yahozemwo) bari muri reta ariko kandi bakaba aribo bapfukamye igihugu mu nda’.

Gervais Rufyikiri aragaruka nk’akarorero ku mushikiranganji wa mbere muri reta nshasha yiswe mvyeyi ariwe Alain Guillaume Bunyoni atazirwa Mutama 2.

Gervais Rufyikiri aravuga ko igiturire camaze gutungisha ibihangange bitari bike muri CNDD-FDD.

Rufyikiri avuga ko nk’akarorero Alain Guillaume Bunyoni afise inyubakwa zubatswe ku mafaranga y’amarundi ashika imiliyaridi 10 hamwe n’ubundi butunzi bw’ibitayega afise bingana n’amafaranga ashika ku miliyaridi 5 z’amafaranga y’amarundi.

Rufyikiri akaba atangazwa n’uko umuryango umwe mu gihugu c’Uburundi ushobora kugira ubutunzi bw’amafaranga angana na 15 miliyaridi mu gihugu gikenye nk’Uburundi.

Rufyikiri kandi ntiyibagira kuvuga n’amafaranga usanga ashirwa mu mabanke yaba ayo mu Burundi canke ayo hanze maze reta y’Uburundi ntihagire uwumenya niyo yaciye.