UBM News ads

Vuba ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo birafatirwa ibihano na EAC

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga wa reta y’Urwanda muri EAC, Nshuti Manasseh, yavuze ko ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfo bigiye gufatirwa ibihano kubera ukudatanga intererano zavyo.

 Nshuti Manasseh akaba yamenyesheje ko mu gihe ivyo bihugu bitokwisubirako hofatwa izindi ngingo.

Ivyo bivuzwe inyuma yaho abashingamateka bamwe bamwe ba EAC bahagurutse maze bagasaba ko ibihugu vy’Uburundi na Sudani y’Epfp vyobura bikurwa muri uwo muryango kubera kudatanga intererano zavyo muri uwo muryango.

Uburundi bukaba buheranye interenrano muri EAC y’amadolari ashika ku miliyoni 15 y’abanyamerika, mu gihe Sudani y’Epfo nayo iheranye imiliyoni y’amadolari ashika ku 27 USD.

Igihugu c’Uburundi giheruka kumenyesha vuba ko kizoriha iryo deni muri EAC ariko nta ntambwe iraterwa na reta y’i Gitega.

Ukudatanga intererano muri EAC bituma ubutunzi bw’uwo muryango bugabanuka maze bigatuma abashingamateka badahembwa amafaranga yabo.

Umuhsingamateka umwe wa EAC akaba ahembwa amdolari y’abanyamerika ashika ku 8000 USD.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments