Rwasa Agathon aridogera Imbonerakure za CNDD FDD

0

Agathon RWASA, icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, akaba n’uwurongoye abatwe ku ruhande rw’urunani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI ariyamiriza itotezwa hamwe n’ihagarikwa ririko rikorerwa abanywanyi biwe, akagiriza bamwe mu rwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD ko aribo bari inyuma y’ako gatotezo gakorerwa abaybke biwe b mu gihugu nka cose c’Uburundi.

Rwasa Agathon avuga ko amaze kwumva amakuru y’abanywanyi biwe babandanya guhagarikwa mu ntara za Ngozi, Kayanza, Bujumbura rural, Ruyigi, Kirundo n’ahandi. Uwo munyeporitike avuga ko iyo ngendo y’ugutoteza abanywanyi biwe yamyeho kuva kera, cane cane igakorwa na bamwe mu banywanyi ba CNDD FDD, bazwi kw’izina ry’Imbonerakure.

aw

Mu gihe izo Mbonerakure zihagarika abo bayoboke, Rwasa Agathon avuga ko bakubitwa, abajejwe intwaro nabo aho bitohoje, bagakorera kuri ivyo vyashikirijwe n’uruhande rumwe, abafashwe bakagirizwa ivyaha biremereye bigizwe n’ugushaka guhungabanya umutekano canke ukugirisha amanama yo mu kinyegero.

Kubwa Rwasa Agathon, iyo ngendo y’Imbonerakure igamije guhoza abatavuga rumwe na CNDD FDD, kugira ku rubuga rwa poritike hakore umugambwe umwe uri ku butegetsi. Rwasa Agathon asaba ko umugambwe uri ku butegetsi wotahura ko intwaro y’igihugu araba imigambwe yose iri mu gihugu, igiporisi naco gikore akazi kaco, kandi kivavanure n’ugukorana n’Imbonerakure.

Mu mugambwe CNDD FDD bariyamiriza ivyo bagirizwa na Rwasa Agathon, ahubwo bakavuga ko Imbonerakure ikoze amakosa ibihanirwa ku gatwe kayo. Evariste NDAYISHIMIYE, umukuru w’umugambwe CNDD FDD asaba Rwasa Agathon ko yoreka gukora poritike mu kinyegero