Rumonge : Umuntu umwe yishwe mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

0

Umugabo umwe niwe yishwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye mu bunywero buri muri zone Murago, komine Murambi, mu ntara ya Rumonge.

Abo bantu bitwaje inkoho binjiye muri ubwo bunywero, barasa abariyo, uwo mugabo aca arita Imana.

Amakuru dukura ahabereye ico gitero amenyesha ko igitigiri c’abakomeretse kitaramenyekana.

Abajejwe umutekano bageze gushika aho habereye igitero abagikoze bamaze kugenda.

 

</p>
<div class=