Reta y’Uburundi yatunganije imyiyerekano y’ukwiyamiriza Paul KAGAME na Petero BUYOYA

0

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yatumyeko kuri uwu wa gatandatu, imyiyerekano izokwama iba ku minsi ya gatandatu, muma komine yose agize igihugu c’Uburundi.

Abari muri iyo myiyerekano biyamiriza Paul KAGAME umukuru w’igihugu c’Urwanda bagiriza ko ariwe akorana n’abahungabanya umutekano w’Uburundi, hamwe na Major Pierre BUYOYA, yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, yagirizwa ko akorana na Reta y’Urwanda mu ntumbero y’ukurondera ingene yogaruka ku butegetsi bw’Uburundi.

deno

Mu majambo bagenda baravuga, abari muri iyo myiyerekano bamenyesha ko bashimira abakuru b’ibihugu bigize Umuryango w’Ubumwe bwa Afrika, ku ngingo baheruka gufata y’ukutarungika inteko mvamakungu (MAPROBU) mu Burundi.

Abantu bagera nko ku majana atanu nibo bazindukiye muri iyo myiyerekano, bakaba bahuriye mu kibanza citiriwe ukwikukira (Place d’Independence) mu gisagara ca Bujumbura, ahatanguriye iyo myiyerekano, baca bafata ibarabara rica imbere y’ahakorera ubuserukizi bw’igihugu c’Urwanda, bagenda baravuga bati : Kagame turamwiyamirije…turamuteye ivyatsi”.

ooh

amba

rek

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here