Reta y’Uburundi ivuga ko Urwanda ‘rwafashe nk’umunyago’ impunzi z’Abarundi

0

Mu rwandiko rwashizwe ahabona n’umuvugizi wa leta y’Uburundi, Prosper Ntahorwamiye, yamenyeshje aho reta y’Uburundi ihagaze ku kiza c’Abarundi bahungiye mu Rwanda bipfuza gutaha.

Muri urwo rwandiko, reta y’Uburundi ivuga ko igihugu c’Urwanda cafashe nk’umunyago(prendre en hotage) impunzi z’Abarundi zose ziba mu nkambi y’impunzi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda.

Reta y’Uburundi igasba Ishirahamwe rijejwe kuwabahiriza agateka k’impunzi kwubahiriza no kuzitrwawararika, HCR, gukurikiza amategeko mpuzamakungu maze rigafasha mu guhata Urwanda rukarekura izo mpunzi.

Reta y’i Gitega ivuga ko igihugu c’Urwanda kidashaka ko impunzi z’Abarundi zihunguka kandi zibishaka.

Reta y’i Gitega ikagaruka ku mpunzi zirenga amaja atatu zandikiye reta y’ubruundi ko yozifasha gutahulka mu gihugu c’amavukiro.

Reta y’Uburudni kandi iriyamiriza abanyapolitike bahunze igihugu mu mwaka wa 2015, nka Maggy Barankitse arongoye Ikigo Maison Shallom, ko aribo bafadikanya n’Urwanda mu kwankira izo mpunzi gutahuka mu gihugu c’Uburundi.

Igihugu c’Urwamda camirira kure ivyo birego ko arico kibuza no gutoteza impunzi z’Abarindi ziri mu nkambi ya Mahama mu gihugu c’Urwanda.

Ku makuru yashizwe ahabona n’abategetsi b’Urwanda yavuze ko abasinye kw’ikete ryarungikiwe umukuru w’igihugu c’Uburundi kandi rikwiragizwa ku mbuga ngurukana bumenyi ari imbonerakure ziri mu nkambi ya mahama zikorana na reta y’Uburundi.