UBM News ads

Nk’uko vyagenze mu 2006, hari abagirizwa gushaka kugandagura umukuru w’igihugu c’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu mwaka wa 2006, hari abagirijwe gushaka kugandagura umukuru w’igihugu yari ahari ari we Petero Nkurunziza, ubu naho hari abagirijwe gushaka kugandagura Evariste Ndayishimiye.

Mu nkuru y’iradiyo imwe ikorera i Bujumbura mu Burundi imenyesha ko hari abantu batatu baciriwe umunyororo w’imyaka 30 kubera ugushaka kugandagura umukuru w’igihugu mushasha ariwe Ndayishimiye Evariste.

Nk’uko iyo radio ibimenyesha, ivyo vyo gushaka kugandagura umukuru w’igihugu vyabaye ku munsi wa gatatu w’ndwi turangije.

Iyo nkuru ikavuga ko hari amabuye yatewe imwe mu miduga igendanira umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Bikavugwa ko Ndayishimiye uwo munsi yari yiriwe ararangurira imirimo itandukanye aho muri iyo ntara ya kayanza.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko Ndaysihimiye neza na neza ariko akora nka ‘Sogo’ wiwe mu kwerekana ko abatavuga rumwe nawe ataco bazohakura batemeye ‘kwishikana’ nk’uko umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD ubivuga.

None ubwo intwaro ya Ndayishimiye izobana neza n’abatavuga rumwe nayo muri iyi myaka indwi iri imbere?

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments