Reta y’i Gitega yoba yagarukanye imigenderanire myiza na OMS Burundi?

0

Reta y’i Gitega yoba yagarukanye imigenderanire myiza na OMS Burundi? ico ni ikibazo bamwe bawe bariko baribaza baravye uko Ishirahamwe Mpuzamakungu ry’amagara y’abantu ruriko rikora ubu.

Ejo hahise iryo shirahamwe nyene rytatanze ingabire mu bushikiranganji bw’Uburundi bw’amagara y’abantu ingabire irenza amahera ashika ku 600 000 y’amadolari y’Abanyamerika.

Iyo mfashanyo ikaba yatanzwe mu ntumbero yo gufasha reta y’i Gitega kurwanya ikiza ca Coronavirus ciraye cane na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.

Naho reta y’i Gitega yari yafashe ingingo yo kwirukana abaserikira OMS mu gihugu c’Uburuundi mu kwezi kwa gatanu, biraboneka ko reta ya Ndayishimiye ibona ko hageze nyabuna ko OMS ifasha mu kurwanya ikiza ca Covid-19.

Inkuru zaciye ku mbuga ngurukana bumenyi zavuze ko OMS Burundi yagomba gushira ahabona ibitigiri ‘nyavyo’ vy’abarwayi ba Coronavirus bitandukaye n’uko leta ivuga ibitigiri.

Izindi nkuru zari zavuye muri bamwe mu begereye cane reta zavuga ko abaserukira OMS mu Burundi bari bamaze kunyuruza amafaranga iryo shirahmwe ryatanga mu bijanye no kurwanya ikiza ca Coronavirus.