Abarundi bashika 350 bo mwikambi y’i Mahama barasavye gutahuka

0

Mw’ikete abo barundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda mu mwaka wa 2015 bandikiye umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, bamusaba ko yobakira mu gihugu cabo camavukiro. Hakaba hakozwe urutonde rw’izo mpunzi rugera kubantu 350 bipfuza gutaha. Ariko hari abavuga ko bashizwe kurugo rutonde batabajijwe. Uwabaserukiye arabihakana akavuga ko bose biyanditse mbere bashirako nikarata yabo yimpunzi.

ews

Kukibazo naho yuko babajije leta y’Urwanda n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ko bashaka guhunguka, uwo abaserukira avuga babimenyeshejwe ariko atanyishu bararonswa. Leta y’Urwanda mwitangazo ihejeje gushira ahabona kur’uyu wa kabiri imenyesha ko yiteguriye guherekeza abo bipfuza gutaha mu mahoro. Co kimwe n’uwuserukira HCR mu Rwanda nawene akavuga ko bagiye kwiga ico kibazo barikumwe na leta y’Urwanda, leta y’Uburundi na HCR ibiro biri i Burundi.

Pierre Nkurikiye, avugira ubushikiranganji bw’umutekano n’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko biteguriye kwakira abo barundi bashaka gutaha ko barindiriye gusa ko uwandikiwe ikete atanga amategeko yingene bizogenda.

Ico rero akaba ari igipimo izo mpunzi zatanze kugira zirabe ko leta mvyeyi leta nkozi yipfuza koko ko izo mpunzi zitaha mu mahoro n’umutekano. Perezida Evariste Ndayishimiye mwijambo yavuze ku musi Abarundi bibuka intahe yabo yo kwikukira bagaruje, yasavye abarundi bose bashaka gutaha ko botaha bakikurako iceyi co kwitwa impunzi.