‘Reta mvyeyi’ kandi irongowe n’abasirikare ‘bakora’

0

Ku bihweza ibintu n’ibindi barabona ko leta y’Uburundi iriko yiganzirwa n’abasiraikre canke ‘abarashe’ nk’uko bamwe babivuga.

Ivyo vyagaragaye igihe hatorwa umukuru w’inama nshingamateka, Gelase Ndabirabe.

Gelase Ndabirabae arazwi ko yarwanye ku rugamba na bagenziwe bagize reta mvyeyi na reta nkozi.

Gelase Ndabiraba kandi arazwi ko yahoze ari umuntu avugira hejuru cane mu kurwanya ivyiyumviro vy’abo yita abakoloni n’inyankaburundi igihe yari umuvugizi wa CNDD-FDD.

Ndabirabe Gelase aje asanga abandi bagenziwe bafise igihugu nka Ndayishimiye Evariste(Lieutenant General), akaba ari umukuru w’igihugu.

Abandi bihwezwa cane ko bakora muri reta nkozi ari abasoda ni Alain Guillaume Bunyoni atazirwa Mutama2(uwarashe nawe nyene) hamwe na Gervais Ndirakobuca(atazirwa Ndakugarika).

Ivyo vyagaragaye kandi igihe amatora y’umukuru w’Inama Nshingamateka yabaye mu gihe abashingamateka b’umugambwe wa Agathon Rwasa ariwo CNL yabaye bari hanze kandi ata numwe yashizwe ku rutonde rw’abatora.