Gélase Ndabirabe niwe agiye kurongora Inama Nshingamateka

0

Uwo mushingamateka yatowe mu ntara ya Kayanza mu mugambwe CNDD FDD akaba yatowe kur’uyu wa gatanu kubice 90 % Kubashingamateka 90 bari bitavye ivyo bikorwa vy’Inama nshingamateka nshasha iheruka gutorwa mu matero yo mu kwezi kwa Rusama 2020. Dr Sabine Ntakarutimana yatowe mu ntara ya Muyinga nawene akaba ari mu mugambwe CNDD FDD akaba yatowe kuba icegera ca kabiri mu nama Nshingamateka. Icegera ca gatatu akaba ri Abel Gashatsi asanzwe arongoye umugambwe UPRONA.

Ivyo vyabaye mu gihe abashingamateka b’umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa bari basohotse, umugambwe wabaye uwakabiri mu matora yo muri Rusama 2020. Agathon Rwasa akaba yahora ari icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka ariko ubu akaba ari umushingamateka asanzwe yatowe mu ntara ya Ngozi.

Gelase Ndabirabe batazira Ndasubiramwo bivuye ku majambo yashikiriza mu kwiyamiriza ingingo z’amashirahamwe mpuzamakungu n’uwahoze arongoye Uburundi Pierre Buyoya mu gihe yari umuvugize w’umugambwe CNDD-FDD. Akaba nawene yaraciye mu gisoda ca CNDD FDD carwanya leta mu myaka ya 1994-2005. Gelase Ndabirabe akaba ashobora gusubirira Umukuru w’igihugu mugihe yitavye Imana canke akitswe n’amagara bikomeye mu ntumbero yo gutunganya amatora. Akaba asubiriye Pascal Nyabenda murico kibanza ubu atararonka ico akora kuko atanahamwe yatowe ivyatanganje abatari bake.