‘Reta mvyeyi’ isa n’iyibagiye abanyeshure biga muri Kaminuza

0

Abanyeshure biga mu ma kaminuza ya reta nka kaminuza y’Uburundi na ENS baramaze ikiringo kitari gito bataronka agafashanyo kabo kabagenewe.

Nk’uko abo banyeshure babivuga, abiga mu gice ca mbere c’amashure ya kaminuza ariyo baccalaureat bamaze amezi ashika kuri 6 ata gafashanyo kabo baronka, aho ni mu gihe abiga mu gice ca kabiri ca kaminuza arico master bobo bamaze ikiringo kingana n’amezi 9 ata na kimwe bahawe.

Abo banyeshure bakibaza ico reta mvyeyi ya Ndayishimiye Evariste igiye kubafahsa maze ikava mu gacarerere irimwo.

Abanyeshure batari bake biga mu ma makaminuza ya reta bakaba basaba ko reta mvyeyi yobagarukirako.

Abanyeshure kandi batari bake biga muri ayo makaminuza usanga babaye mu buzima bugoye cane mu gisagara ca Bujumbura kuko usanga babwirizwa gupanga amazu no kwigurira ico bafungura kuko beshi usanga bava mu gihugu hagati.

Mwomenya ko ubu reta y’Uburundi itagitanga agafashanyo ku banyeshure bita Bourse ariko ubu ko yashinze itegeko rivuga ko abanyeshure biga mu makaminuza ya reta boza barahabwa ako gafashanyo n’ingurane yabo bazosubiza bamaze kuronka akazi bahejeje amashure ariko bita pret-bourse.