Abasirikare b’Uburundi n’Urwanda boba bagiye gukora ivyananiye abategetsi?

0

Ejo bundi ku musi wa gatatu, abasirikare b’Urwanda hamwe n’Ab’Uburundi barahuye ku mupaka w’ivyo bihigu mu buraruko bw’Uburundi kugira bayage ku bibazo bihanze ivyo bihugu uko ari bibiri.

Abo basirikare barayaze ku bijanye n’uko imishamirano yama yabaye hagati y’ibihugu bibiri bisa n’ibivukana ibera ku mipaka yogabanywa.

Abaserukiye ivyo bihugu bavuze ko ‘batokwiyicarira baraba gusa imishwano yama yabaye ku mipaka y’ibihugu vyabo’ kubera ari bimwe mu bituma umutekano w’ibihugu vyompi uhungabana.

Abari ngaho barayaze kandi uko hoba uguhanana hana amakuru hagati y’iperereza ry’Uburundi hamwe n’iperereza ry’Urwanda kugira hirindwe ivyo vyama vyabaye vyo gukozanyako.

Colonel Everest Musaba yaserukiye ingabo z’Uburundi yavuze ko hakanewe ko haba ibiganiro biba ata guhishanya kugira harabwe umuti wotorwa w’ibibazo bihanze Urwanda n’Uburundi.

Mwomenya ko Paul Kagame na reta yiwe bari bahamagariye Uburundi ko bwobana neza n’Urwanda ariko umukuru w’igihugu c’Uburundi, Ndayishimiye Evariste, akaba yameze nk’uwanka ubwo butumire mu kuvuga ko ‘Uburundi butazobana neza n’ibihugu vyiyorobeka.