Kaminuza International University of Equator yugawe amezi atatu

0

Itariki 26 myandagaro 2020 niho hasohoka itegeko nshikiranganji rimenyesha ko kaminuza yari mu gisagara ca Bujumbura kuva 2015 yahagaritswe ikiringo c’amezi atatu, ayo mezi arinze ahera itarakura munzira intambamyi ziyibuza gukora neza izindi ngingo zikazoca zifatwa.

Iyo Kaminuza iri muri zone Ngagara mu gisagara ca Bujumbura yashinzwe n’abigisha ba kaminuza bavuye mu gihugu ca Kenya, ifise abanyeshure barenga 1000 ikigisha ivy’ubuhinga bwa none be no kuramura abikorera utwabo(Entrepreneuriat) umwe wese akaba ariha amafaranga y’amarundi umuriyoni n’ibihumbi amajana abiri (1200 000FBu) kumwaka.

Amakuru adushikira akavuga ko icatumye iyo kaminuza ifatirwa ingingo, habo harimwo ukutumvikana kw’abanya mitahe biyo kaminuza, gukoresha abakozi ntibahembe neza hamwe no gukoresha abanyamahanga badafise ivyangombwa.

Amanama y’abarongoye iyo kaminuza yoba yatanguye kugira batunganye bushasha itunganywa ryayo kuburyo bishoboka ko n’imbere y’amezi atatu bashobora gusaba ubushikiranganji bukabakurako ico gihano.

Mwomenya ko mu burundi hari amashure ya kaminuza ashika 46, iyo ngingo y’umushikirinji ikaba itamenyesheje aho abo banyeshure bahora biga kur’iyo kaminuza bazoja.