Inyuma y’aho Iradiyo y’Abongereza BBC igiraniye ikibazo na leta y’Uburundi, ubu hoho iyo radio yahisemwo kwugara ibiro vyayo mu gihugu c’Uburundi biri mu gisagara ca Bujumbura.
Ivyo vyashizwe ahabona n’umumenyeshamakuru wa BBC Africa, Nick Erickson, aho yanditse kuri Twitter ko BBC ‘igiye kwugara ibiro vyayo mu Burundi inyuma yaho BBC vyankiye ko itatura ikibazo cayihuza na Leta y’Uburundi’.
The #BBC is closing its bureau and operations in #Burundi. This follows a ban imposed on the #BBC by the government in March – #BBC
— Nick Ericsson (@nickericsson) July 16, 2019
Uwundi munyamakuru wa BBC, Will Ross, akora mu gisata ca Afrika nawe yamenyesheje ko BBC yugaye ibiro vyayo ‘gushika habaye iyindi mpinduka’.

BBC yari yugawe mu Burundi gusamirana mu kwezi kwa Ntwarante 2019 aho BBC yatswe uburenganziro bwo gusubira gusamirana mu gihugu c’Uburundi.
The BBC is closing its bureau and operations in Burundi until further notice after efforts to resolve issues with the authorities there failed. In March the government banned BBC transmissions and anyone in the country from providing information to the BBC.
— will ross (@willintune) July 16, 2019
Ivyo bibaye inyuma yaho Leta y’i Gitega ifashe ingingo yo kwugara BBC gukorera ku butaka bw’Uburundi inyuma yaho iyo radio ishize ahabona amasanamu yerekana uko inzego z’umutekano za leta zahohoteye abantu.
Leta y’Uburundi ikaba yari yariyamirije ivyo vyashizwe ahabona na BBC maze ica ifata ingingo yo kwiyamairiza umunyamakuru wese wa BBC gukorera iyo radio ari ku butaka bw’Uburundi yaba umunyamahanga canke umurundi.





Recent Comments