UBM News ads

Ikinyamakuru Iwacu gishobora kwugarwa imbere y’amatora ya 2020.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y’aho ikigo kijejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora mu Burundi , CNC, gitanze ingabisho ikaze ku kinyamakuru co Burundi, Iwacu, hari amakuru ariko arwakwiragira ko ico kinyamakuru gishobora kwugarwa imbere y’amatora ay 2020.

Ayo makuru araza yemezwa n’uwusanzwe arongoye ico kinyaakuru, ariwe Antoine Kaburahe, ubu asanzwe aba hanze y’igihugu kubera ko nawe ari mu bagirizwa gushaka guhungabanya inzego z’igihugu mu mwaka wa 2015.

Antoine Kaburahe akamenyesha ko ‘yumva’ amakuru ko ikinyamakuru ciwe, Iwacu, gishobora kwgurwa imbere y’amatora ya 2020′, niko yanditse kuri Twitter

Ariko rero umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu, Willy Nyamitwe yishuye ku majambo ya Kaburahe ko ico kinyamakuru Iwacu naho ‘kitarugarwa’ nk’ibindi, ari ‘umuhora abashaka guhungabanya Uburundi ubu bacako mu kuvuga.

https://twitter.com/willynyamitwe/status/1150626006367182848

Ikinyamakuru Iwacu nico co nyene mu Burundi cari gisigaye kigikorera ku mugaragaro kikavuga ibitagenda neza mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015, naho cagiye kirahabwa ingabisho ko ‘cokwisubirako’.

Ibindi binyamakuru bihitamwo kutavuga ibitagenda neza vyisanzuye nka za RPA, Inzamba na za Humuru Burundi ubu bisigaye bikorera hanze y’igihugu canke kuri Internet ku gutinya ko inzego z’Uburundi zobakurikirana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments