Ishirahamwe OLUCOME ryamenyesheje ko rihagaritswe umutima n’ikena ry’igitoro mu Bhurundi ryibonekeza cane mu gisagara ca ca Bujumbura.
Rufyiri afise amakenga ko iryo kena ry’igitoro rizohava rituma haba iduzwa ryo kugura ico gitoro maze ama tike yo kwiyunguruza nayo aduzwe haba mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati.
Mu bituro vy’amabisi aja mu gihugu hagati haramaze gutangura kuduzwa ibiciro ku biyunguruzas kubera ikena ry’igitoro, nkuko bimaze kwibonekeza.

Rufyiri Gabriel kandi aragaruka kw’itituka ry’amafaranga y’agaciro mu Burundi mwino misi aho idolari ry’abanyamerika ryahora rivunjwa amafaranga yamarundi adashika na 2000 FBU mu mwaka wa 2015 ariko ubu rikaba rigeze ku mafaranga ashika 3100 FBU.
Gabriel RUFYIRI asaba kugerageza gushiraho ikigega c’integabizoza nkuko vyategekanywa na leta,gushiraho umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gukurikirana ikigega c’integabizoza kugira gishingwe hamwe no gukoresha umuhora wo mu mazi mu kuzana igitoro mu gihugu kuko ariyo nzira izimbutse mu ntumbero yo gufasha kugabanura igiciro cavyo.
Leta ikaba imaze kumenyesha ko iriko irakora cane kugira ngo ikena ry’igitoro ritorerwe umuti mu Burundi.





Recent Comments