Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi wongewe umwaka

0

Umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi wongewe umwaka wose kugira ubandanye igikorwwa cawo co gutohoza ku mabi yakozwe kuva mu mwaka wa 2015.

Ivyo bikaba vyavuye mu matora yabaye uyu musi mumurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu, UN Human Rights Council.

Ivyo bimaze kumnyeshwa, abashigikiye iyo ngingo ya ONU yo kwongera umwaka uwo murwi bashimye cane iyo ngingo.

Ariko rero ku bandi bashigikiye reta y’i Gitega bakaba bakiriye nabi iyo ngingo, mu kuvuga nk’akarorero ko ari umugambi w’abanya Buraya wo kubandanya bakoloniza igihugu c’Uburundi.

Mwomenya ko ivyo uwo murwi wa ONU ushira ahabona bitemerwa na reta y’Uburundi mu kuvuga ko ari ibinyoma gusa bigamije gucafuza inzego z’Uburundi.

Abagize kandi uwo murwi wa ONU harimwo Doudou Diene bakaba barahakaniwe guhonyoza ikirenga ku butaka bw’Uburundi.