Président Ndayishimiye yatumyeko urutonde rw’aboshomeri bose

0

Iyo nkuru yabonetse mu gatondo ko kur’uyu wagatanu aho haboneka impapuro zo kuzuza kubantu bahejeje amashure bariko bararondera akazi. Izo mpapuro zikaba zaboneka ku mbuga ngurukana bumenyi, abatanze ubwo butumwa bakavuga ko bahawe itegeko n’Umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, ko kuwambere bazoba bamuhaye intonde zose zabarondera akazi ku mutumba ku mutumba.

Benshi bakaba bashimye iyo ngendo yo kumenya abariko barondera akazi ko iyo ari intambwe yo gutorera umuti ubushomeri bubangamiye urwaruka harimwo n’abariko barakura mbere n’abafise imiryango badafise akazi.

Iyo ngendo akaba ari nshasha kuva umugambwe CNDD-FDD utsinze amatora mu mwaka wa 2005 aho utinjiye mur’uyo mugambwe utashobora kuronswa akazi mbere uravye nabi ukakavamwo bitewe no kuburabuzwa. Umukuru w’igihugu, Everiste Ndayishimiye, akaba yavuze ko Leta yiwe itazoraba ivy’imigambwe mugutunganiriza abarundi bose ico yise Leta Mvyeyi, Leta Nkozi.