Président Ndayishimiye amenyesha ko ibiganiro vyuguruwe kuwubishaka

0

Kur’uyu wa kane itariki 18 ruheshi niho Evariste Ndayishimiye yimikwa kuba Umukuru w’igihugu mushasha w’Uburundi. Ibirori bikaba vyabereye mu ntara ya Gitega, umurwa mukuru wa politike. Mwijambo yashikirije Umukuru w’igihugu c’Uburundi mushasha yamenyesheje ko agiye gukomeza intahe yo kwikukira mu vy’ubutunzi na politike, mu gukomeza amahoro n’umutekano hamwe no kurwanya amacakubiri yaba y’ubwoko, y’intara nayafatiye kubutunzi.

Président Evariste Ndayishimiye yavuze ko umurundi wese ubu afise ijambo mu gihugu kandi ko ashobora kwitura inzego ashaka gushika k’Umukuru w’igihugu kugira atunganirizwe. Akavuga ko abakoroni ataribo boza kumwigisha ivy’agateka ka zina muntu kuko imigenzo y’abarundi isanzwe ivyigisha.

Président Evariste Ndayishimiye yasavye abanyepolitike kuguma baterera ibyiyumviro m’ubuzima bwigihugu ati ariko ko batokwitwa abatavuga rumwe na Leta kuko vyotugumiza mu mpari za misi yose. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akavuga ko agiye kubandaniriza kumushinge w’iterambere warugezweko na Président Pierre Nkurunziza asubiriye.

Ariko mu masengesho Monsegneri Ntamwana yashikirije yasavye ko Umukuru w’igihugu mushasha ko yotahana impunzi kandi akugururira imiryango Uburundi ugufashanya n’amakungu. Kurico Président Evariste Ndayishimiye yasavye impunzi gutaha kubaka igihugu kandi ko ibiganiro vyuguruye. Kugufashanya n’ibindi bihugu, Président Evariste Ndayishimiye naho yakariye abo yita abakoroni yahamagariye abafise imitahe kuza m’Uburundi kuhakorera kuko hari ubutare bwinshi, akaba yasavye kandi ko Afrika yotezimbere imihora yayo mu guhanana ibidandazwa.