Evariste Ndayishimiye avuga ko ‘ata mategeko ava hanze’ ku bijanye n’agateka ka zina muntu akenewe

0

Umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, yamenyesheje ejo ko naho azokwubahiriza ibijanye n’agatake ka zina muntu, ata mategeko ava hanze y’igihugu azokenerwa.

Ndayishimiye akaba yarahiye ejo ku wa 18 Ruheshi 2020 amezi 2 imbere yuko ikiringo ciwe gitangura inyuma y’urupfu rwa giturumbuka rwa ‘Sogokuru’ wiwe Petero Nkurunziza.

Naho Ndayishimiye avuga ko azobandaniriza aho Sogokuru wiwe yari yagejeje, biraboneka ko atazokwigera aha agahengwa abantu bari hanze y’igihugu banebagura intwaro yiwe.

“Tuzokwubahiriza agateka ka zina muntu ariko nta baduha amategeko ava hanze dushaka”, niko Evariste Ndayishimiye yavuze.

Ndayishimiye akaba yahamagariye bose bari hanze y’igihugu gutaha mu kuvuga ko boza kwubaka igihugu hamwe nawe.

“Turi kumwe twese birashoboka kuko twizeye ko muri Demokrasi vyose bishoboka”, niko Ndayishimiye yavuze.

Mwomenya ko ata mukuru w’igihugu numwe wo muri EAC yitavye ibirori vyo kwimika Ndayishimiye vyabereye mu ntara ya Gitega.