Amashirahamwe asaba Evariste Ndayishimiye kurekura abaharanira agateka ka zina muntu bapfunzwe

0

Amashirahamwe amwe amwe asaba Evariste Ndayishimiye agiye kuramutswa kuyobora igihugu c’Uburundi ejo ku wa 18 Ruheshi 2020 kurekura abaharanira agateka ka zina muntu bapfunzwe.

Ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu harimwo amwe arayo mu bindi bihugu nka Tanzania, Buraya n’ahandi…

Ayo mashirahamwe aragaruka ku basanzwe bapfunzwe mu Burundi baharanira agateka ka zina muntu nka Germain Rukuki.

Mwomenya ko nka Germain Rukuki yaciriwe gufungwa imyaka 32 akirindiriye ko leta y’Uburundi na cane cane leta nshasha buca yikubita agashi hama ikamutezurira.

Mubo ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yagarutseko harimwo gusaba Evariste Ndayishimiye kuzorekura abanyamakuru ba Iwacu bafunzwe bahorwa umwuga wabo wo kumenyesha amakuru.

Raba hano ico ayo mashirahamwe yashize ahabona asaba umukuru w’igihugu mushasha ariwe Evariste Ndayishimiye hamwe na leyta izomukomokako: