Petero Nkurunziza yavuze iki ku bijanye n’imigenderanire mibi hagati y’Uburundi n’Urwanda?

0

Mu kiganiro yaremesheje uyu musi mu Ntara ya Ngozi igenekerezo rya 28 Kigarama 2018 , umukuru w’igihugu c’Uburundi,Pierre NKURUNZIZA yagize icoavuze ku kibazo kiriku migenderanire mibi hagati y’Uburundi n’Urwanda.

Petero Nkurunziza muvyo yamenyesheje ntiyahakanye ko imigenderanire mibi hagati y’Uburundi n’Urwanda ihari, ariko kandi yamenyesheje ko ‘afise icizere ko imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda ishobora kuba myiza. »

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre NKURUNZIZA amenyeshako icizere kijanye nuko imigenderanire y’igihugu c’Uburundi hamwe n’igihugu c’Urwanda ishobora kunaguka ikamera neza.

Mu kiganiro catunganijwei Ngozi mu Bururaruko bwe’Uburundi, umukuru w’igihugu yishura ku bibazo vy’abameyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu ,umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yamenyesheje ko icizere kiriho kugira iyo migenderanire izogende neza kuko ikintu cose gifise intango n’iherezo.

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA avuga ko ico cizere bafise ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ishobora kugenda neza,bizotuma n’ibindi bibazo vyo muri kahise hagati y’ivyo bihugu bibiri bitorerwa umuti.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga kandi ko abarundi bose borema kuko ikibazo carico cose gishobora kubaho ariko kirateba kigahera.