Petero NKURUNZIZA yasabwe ko yosubiramwo ingingo yafashwe ntije mu ngiro

0

Umurwi w’abahinga bo muri Afrika, bakurikirana ivy’amategeko mpuzamakungu wasohoye urwandiko kuri uwu wa gatatu, aho umenyesha ko wiyamirije ingingo y’Uburundi y’ukwikura muri Sentare mpuzamkungu mpanavyaha. Abo bahinga bamneysheje ko iyo ngingo ya Reta y’Uburundi ije gusubiza inyuma ubwigenge, agateka ka zina muntu, hamwe n’ugusasira indava abakora ivyaha mu Burundi.

Muri urwo rwandiko, abahinga barusohoye bavuga ko iyo ngingo izotuma ivyaha vyakozwe mu Burundi bidahanwa, kuko ama Sentare yo mu Burundi adashobora kwubahuka abategetsi bakora canke bagirizwa ivyaha. Kubera ukwo kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, bizotuma abakorerwa ivyaha badashobora kwitura ubutungane mpuzamakungu, nk’uko vyamenyeshejwe n’abo bahinga.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yasabwe ko yokwisubirako kuri iyo ngingo yafashwe, akerekana ko ashira imbere igihugu arongoye n’abanyagihugu biwe.

reme

Tubibutse ko itegeko ry’uko Uburundi buva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) ryemejwe kuri uwu wa kabiri n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 1/14 ryo kuwa 18 Gitugutu 2016, bamenyesha ko inyuma y’aho inama nshikiranganji isabiye ko Uburundi buva muri CPI, inama nshingamateka na nkenguzamateka zikavyemeza, Uburundi bwavuye ku mugaragaro mu masezerano y’i Roma avuga iyinjira ry’Uburundi muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, akaba yari yemejwe kuwa 17 Mukakaro 1998.