Petero NKURUNZIZA ntiyitavye ubutumire yahawe i Dar es Salaam

0

Inama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko yatanguye i Dar es Salaam muri Tanzania kuri uwu wa kane umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA atarimwo. Yari yatumiwe, ariko akaba atigeze afata urugendo rumushikanayo.

Mu gihe abandi bakuru b’igihugu bari muri iyo nama, Petero NKURUNZIZA kuri uwu wa kane yari mu ntara ya Muyinga, mu bikorwa vy’ukugurura ku mugaragaro ihoteri y’umurwizatunga azwi kw’izina rya Epipode.

epi

Ku butumire bwari bwarungikiwe Uburundi, bari banditse ko abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko bokwishikira i Dar es Salaam, ariko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akaba yarungitse intumwa zimuserukira, zirongowe na Alain Aimé NYAMITWE, umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.

Izo ntumwa zigizwe na Willy Nyamitwe umuhanuzi mwishikira ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Aimé Laurentine KANYANA umushikiranganji w’ubutungane, Laurentine NZEYIMANA umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afrika y’ubuseruko.

tuma

Iyo nama idasanzwe y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko yitabwe n’umukuru w’igihugu wa Sudani y’Epfo Salva Kiir, Uhuru Kenyatta wa Kenya, Paul Kagame w’Urwanda, Yoweli Kaguta Museveni wa Uganda, intumwa y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hamwe na John Pombe Magufuli wa Tanzania ari nawe azokwakira abo bakuru b’ibihugu.

Muri iyo nama, mu bibazo biza kwigwa, harimwo ic’Uburundi, umuhuza mu bibazo vy’Abarundi, Benjamin William Mkapa akaba ahava ashikiriza icegeranyo c’ivyavuye mu mibonano yagiranye n’imirwi itandukanye yegwa n’ibibazo vya poritike biri mu Burundi. Abegereye ubuserukizi bukuru bw’umuryango wa Afrika y’ubuseruko bamenyesha ko ingingo zikomeye zirimwo n’ibihano, bishobora gufatirwa Uburundi.

pay

Ubwa nyuma umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aheruka gusohoka Uburundi ni mu kwezi kwa gatanu umwaka w’2015, umunsi haca haba itembagazwa ry’ubutegetsi bwiwe ryaburijwemwo.

dev