Mu kiganiro perezida Evariste Ndayishimiye yahaye abamenyeshamakuru n’abanegihugu yamenyesheje ko hamwe Urwanda rwotanga abakoze amabi yo mu mwaka wa 2015 imigenderanire yoca iba myiza. Ariko perezida Ndayishimiye akavuga ko ibihano bitoba binini hamwe botaha bagasaba imbabazi, ahandi naho akavuga ko abahunze bose botaha kubaka igihugu cabibarutse. Abarongoye igihugu c’Urwanda nabo bakaba baramenyesheje ko bashaka imigenderanire myiza n’Uburundi bahane ibidandazwa ko abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda barabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR rijejwe impunzi nkuko ibindi bihugu vyakiriye impunzi zahunze.

Kuvyerekeye ko umugambwe CNL wabaye uwakabiri mu matora yo mu 2020 utaronse ibibanza mu nama nshikiranganji muri Leta yise Mvyeyi Nkozi, perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko abarundi bangana imiliyoni 11 bose badashobora gukwigwa mu nama nshikiranganji, ati igikuru nuko Leta ibatunganiriza bose.
Ku kibazo cabatera Uburundi bita abasuma abandi bita abagwanyi hagaca hafatwa abo mu mugambwe CNL n’abo mu bwoko bw’abatutsi, perezida Ndayishimiye yishuye ko uwica abenegihugu n’uwutera abajejwe umutekano batandukanye. Uwambere akaba yitwa umwicanyi uwakabiri akaba uwitwa uwateye igihugu. Perezida Ndayishimiye akavuga kwatarumva abagwana bafashe ikomine nimwe kandi yirigwa yaciye mw’ishamba rya Kibira atabo arabona.





Recent Comments