Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu musi wa gatanu mu ntara ya Gitega, umukuru w igihugu yagize vyinshi yishura ku bibazo bihanze igihugu.
Ku kibazo c’abantu bagize imisi bakora ibitero mu burere bumwe bumwe bw’Uburundi, Ndayishimiye yavuze ko ivyo bakora atari ugutera Uburundi.

“Wovuga gute ko wateye igihugu mu kwica abantu babiri mu muryango? Abatera igihugu barafise aho babanza kumenera”, niko Ndayishimiye yavuze.
Evariste Ndayishimiye yavuze kandi ko umutekano ari wose mu gihugu c Uburundi.
“Navuye mu gihugu ca Tanzania mw’ijoro nongera nduga i Gitega mw ijoro kandi nca ahantu abo bavuga bateye bakorera ndajabuka ikibira ariko umutekano wagumye ari wose wanje”, niko Ndayishimiye yavuze.
Mwomenya ko umuhari RED Tabara wiyemereye ko ariwo ugize imisi ukora ibitero hirya no hino mu gihugu.
Uwo muhari ukavuga ko wibasira cane abashigikiye reta ya CNDD-FDD na cane cane Imbonerakure.





Recent Comments