UBM News ads

Umukuru w’igihugu yamirira kure ibihugu bishaka kudurumbanya Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yamirira kure ibihugu bishaka kudurumbanya Uburundi.

Ivyo yabivuze mu majwi yarungitswe mu Nama ya ONU aho yakurikiwe n’ibihugu bitari bike bigize ONU mu gisagara ca New York.

Ndayishimiye Evariste akaba avuga ko hari ‘inguvu’ ziri inyuma yo gushaka guhunganaya Uburundi, maze agahamagarira indongozi za ONu gukuraho ivyo vyose vyoza bihungabanya amahoro mu gihugu c’Uburundi.

Ndayishimiye muri ayo majwi yiwe kandi ahamagarira ONU gufata ingingo yo gukura igihugu c’Uburundi ku rutonde rw’ibihugu vyama vyizwe kugira ngo harabwe icokorwa ku bijanye n’agateka ka zina muntu.

Ndayishimiye kandi akaba avuga ko hakwiye kujaho umugambi wo kwikurako ‘ingogo y’Ubukoloni’ kugira ngo Uburundi bubandanye butekaniwe.

Ndayishimiye kandi akaba agaruka ku bikorwa vyiza vyo kugarukana amahoro igihugu c’Uburundi cakoze nko kuja kugarukana amahoro muri Somalia na Centrafrique, vyose bikerekana ko Uburundi buri ku rugero rwiza mu bijanye n’imigenderanire n’ayandi mahanga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments