Perezida Kagame araza kuvugira kuri Radio Rwanda no kumbuga ngurukanabumenyi

0

Nkuko radio Rwanda yabimenyesheje umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame araza guha ikiganiro c’umwanya munini kur’uyu w’Imana kw’iradio nkuru y’Urwanda no ku mbuga ngurukana bumenyi aho abanyarwanda baza kumubaza ibibazo vyose bashaka.

Ivyo bibaye mu gihe abamurwanya bamenyesheje ko Perezida Paul Kagame yitavye Imana abandi nabo bakavuga ko agwaye cane kandi yoba yarajanywe mu bihugu vya Angleterre na Israel. Murabo bakwiza izo nkuru hakaba harimwo umupatiri yitwa Thomas Nahimana yahunze Urwanda yemeza neza ko perezida Paul Kagame yitavye Imana, amasanamu yiwe akaba yarakwiye isi ariko aravyemeza, nawe akaba yiyita kwarongoye leta y’Urwanda yo mu buhungiro.

Ibindi binyamakuru navyo bikavuga ko abasirikare bakuru bariko barahiganirwa gusubirira perezida Paul Kagame, bamwe bakaba arabasirikare bavuye mu gihugu kibanyi c’Uburundi bashigikiwe n’umupfasoni wa Paul Kagame, Janet Kagame, abandi akaba arabasirikare bavuye mu gihugu c’Ubuganda bashigikiwe na General James Kabarebe.