‘Uburundi ntibwerekana ugushaka ukubana neza natwe’, Paul Kagame

0

Mu kiganiro umukuru w’igihugu c’Urwanda, Paul Kagame yavugiye kw’iradiyo hamwe no ku mbuga ngurukana bumenyi, yashize ahabona uko imigenderanire nawe n’ibindi bihugu yifashe.

Ku Bijanye n’Uburundi, Paul Kagame akaba yavuze ko Uburundi butarashaka ko haba umubano mwiza hagati y’ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda.

Ku bijanye n’Uburundi, ntako tutagize kugira tunagure imigenderanire ariko Abarundi ntibigeze bashiraho ugushaka. Nta ntambwe nimwe abarundi baratera yo kunagura imigenderanire”, niko Paul Kagame yavuze.

Paul Kagame kandi yagarutse ku migenderanire mibi iri hagati y’igihugu c’Urwanda n’igihugu c’Ubuganda yavuye ku kwugara urubibe rwahuza ivyo bihugu mu vy’Ubudandaji rwa Katuna.

Paul Kagame yavuze ko amakimbirane akihari ku biijanye n’umubano hagati y’Uburundi n’Ubuganda.

Paul Kagame yavuze ko amahoro aronderwa hagati y’ibihugu bishamiranye ari ku neza y’ibihugu vyose.

“Umubano mwiza hagati y’ibihugu vy’Uburundi n’Ubugnda suko ari uko natwe vyotugirira akamaro gusa, ahubwo bigirira akamaro ibihugu vyose uko ari bitatu”, niko kagame yavuze.

Mwomenya ko igihugu c’Uburundi kimaze kwerekana ko kititeguriye kubana neza n’Urwanda kubera ko kikicagiriza kubika abansi bashaka guhungabanya inzego za reta y’i Gitega.