Kunyuzura vyoba bigikenewe muri Kaminuza ?

0

Ivyo biboneka mw’itangazo ry’uwujejwe imibano muri kaminuza y’Uburundi, Melchiade Nakwahomba aho avuga ko kunyuzura bibujijwe muri kaminuza y’Uburundi. Uwo mugenzo akaba arukera cane muri kaminuza y’Uburundi. Abahejeje uwo mugirwa bagaca bitwa abapoiles abacinjira nabo bakitwa abapuants.

Bamwe mubanyeshure bakavuga ko uwo mugenzo wo kwakira bashasha babakubagura canke babatera ubwoba bituma ngo binjira neza muri kaminuza bakavamwo abantu bakuze. Abandi nabo bakavuga ko uwo mugenzo aruwo guhohotera abanjiye kaminuza kuburyo bamwe bashobora gukomeretsa abandi bivanye n’ingene barezwe canke ivyo baciyemwo bibabaje, abigeme bobo barashobora no gukorerwa vya mfurambi.

Uwo mugenzo ukaba atawuhari muyandi makaminuza yigenga ariko ukaba ukaguma wibonekeza muri kaminuza ndera bigisha ENS aho bavuga hoho ko utunganijwe neza atavyo gukomeretsanya no gufatwa kunguvu canke iterabwoba, bose bakaba bashirwa hamwe kandi bikaba bifise umwanya bimara.

Mwebwe mubona uyo mugenzo wo kunyuzura ukenewe canke worandurwa burundu ?