Paul Rusesabagina apfungiwe i Remera i Kigali

0

Uyo mugabo yahoze arongoye i hoteli Milles Collines iri i Kigali igihe ihonyabwoko ryatangura murico gihugu kibanyi c’Uburundi. Abantu bashika 1200 bakaba barahungiye muriyo hoteli igihe iryo honyabwoko ryatangura mu mwaka wa 1994 ukwezi kwa 4.

Ingene yavyifashemwo bikaba vyarakinwe mw’icinema yiswe ‘’Hotel Rwanda’’ yakinwe mu mwaka wa 2004. Inyuma y’ihonyabwoko Paul Rusesabagina yaciye ahungira mu bihugu vya Buraya na Leta zunze Ubumwe z’Amerika aho yaciye acika uwutavuga rumwe na let aya Kigali irongowe na Président Paul Kagame.

Leta y’Urwanda ikaba imwagiriza guha uburyo imirwi y’iterabwoba itera Urwanda, Akaba yafatiwe mu bihugu vy’abarabu igihe yarasubiye inyuma. Aca ajanwa mu gihugu c’Urwanda. Umuryango wiwe ukaba ufise ubwoba k’umutekano wiwe ariko ubutungane bw’Urwanda bukaba bwamerekanye ariko menottes gusa yitambukira.