Akamo k’umuhinga mu vya politike yiyamiriza ukwima ibibanza vyo kudubura abanyeshure bo mu mwaka w’icenda

0

Mwaramutse Barundi barundikazi mwese ,
Nkumuvyeyi , Umurundi w’amaraso n’ivyiyumviro vyubaka igihugu(Nationaliste), yaronse amahirwe akiga kaminuza y’a leta ,umurundi yakurikiranye kahise kigihugu cacu nashaka gukebura umushikiranganji w’indero n’inyigisho zakaminuza mugihugu cacu ko yosubira kungingo yokutadubuza abana batamenye mw’ishure 9ème, bakongera bakayoberwa ikibazo ca leta , kuko buriya kudubura rimwe ni faveur yamaze gutangwa kuva kuri leta zose zakurakuranye kuva kucami. Ariko kandi turabona ko iyongingo ije guhohotera abana bamwe ( ) kuko batagize amahirwe yukwiga amasure y’ibanze ( maternelles) kuko abavyeyi babo bataronse amikoro, biturutse kuri kahise mutayobewe mwese.

Abobana bacu baracari bâti, turacabafitiye impuhwe, turacashoboye kubarera. Kandi nyakubahwa Mushikiranganji, muraziko muvyerekeye amashure turi mw’ihiganwa na EAC , tubasabe mwugururire inzira yokwiga irashe abobana bacu, ubwoburundi bwejo kugira ntitugire uruhome rw’ugaye kuko iyo politique mbi mwahisemwo ntaho yoba itandukaniye niya Micombero na Bagaza yarungika bamwe kwiga ama foyer na LP kugira ntibarote bazoba indongozi ziyobora abandi, bamwe mwarabibonye!! .Mbe nyakubahwa imillioni zabana bacu mushaka kwima amahirwe yukudubura ngo bige CFP , ubwo ntimubona ko hobahabaye politique mbi kuribo natwebwe abarundi turereye iburundi.

Mwibuke ko abarundi bamwe kandi bake baron se amahirwe yokwigisha abana babo hanze kandi neza. Kobitatuvuyeko, turasavye ko mwoduha amahirwe tukigisha abana babarundi, bakiri bato, kandi benshi . Nukuri turavye iyotuvuye, n’ivyatubayeko kuva 65_72_ 88_ 91_ 93_ 2015, turabasavye ngo muduhe chance yokuyobora politique y’indero neza mwisubireko mureke abana bacu bige neza nkuko n’abandi bize kandi nubu bakiriko. Nkubu abafise amikoro bacs bajana abana babo mumakungu babandanye kwiga bazogaruko badutwara abacu bize kurima irengarenga nogushona.! Nukuri turabasagasagiye, ngontilukore ivyo kubanabacu babakobwa n’imisore, kuko vyotugora murikazoza kwibagira iyongingo mwadufatiye twebwa hamwe n’abana bacu. Turasagasagiye Leta yacu dukunda, leta mvyeyi leta nkozi, igondoze uyo mushikiranganji yisubireko. Nukuri inamanshingamateka, nkenguzamateka na leta nibafate ikiciyumviro nkankama barabe uruhombo twogira mumitima yacu kuko icogikomere nticodukiramwo, baduhumurize bongere bahumurize n’abana bacu bo Burundi bwejo. Kubera ivyovyose nukuri turasavye ko n’iyugururwa ry’amashure ryosugumwa kugira twitegure twongere dutegure n’imitima y’abana bacu, kuko twahahamukiye rimwe. Mukurangiza niharambe Leta mvyeyi leta nkozi. Ndasavye munfashe gushikana ahohose bikenewe ibivyiyumviro murufasoni. Muherekeze ikigisabo n’ibivyiyumviro ahohose bikenewe kuko twobatujakaye tutumvirijwe kuko abana bacu, abarundi twibaducafuje génération yikikinjana. Kugira nshikirize iciyumviro murufasoni kandi nemanga ,irikete rishikirijwe les décideurs politiques bose, abafise influence s mugihugu nomuvyindero. Nsabe ntihagire abinyegeze inyuma yikigisabo koko navuze politique yakahise kuko akahise gategura akazoza ariko ndasavye imbabazi abaza kuntahura nabi.

Mwomenya ko ico kibazo kiriko kirigwa n’Inama nshikiranganji irongowe na perezida Evariste Ndayishimiye.

Monsieur MANIRAKIZA Odivex. Politologue,
Licencié en Science politique et Relations internationales Tel: +257 79 695 177 . Merci pour votre large diffusion